1. Mbega mukobwa ko ugenda
vyanka,
niki ga mwana wa mama?
Ko mbona amaso yabaye umunani,
niki ga mwana wa mama?
Ko wicurikira nk'umwana w'impfuvyi
atagira iyo aja?
amosozi yawe yirigwa aratemba
nk'amazi ya mubarazi.
Ngo kera washogomanga nk'abandi,
ngo kera wahora usimb'indero
nk'abandi,
mbwira...