Mu gihe hamaze imisi hibonekeza impanuka zisubiriza zivuye ku muriro mu bibanza bihuriramwo abantu benshi, Umukuru w'igihugu Evariste arahumuriza abenegihugu ko hariko harafatwa ingingo kugirango izo mpanuka zihagarare. Yabishikirije kuri uyu wa 27 Myandagaro 2026 mu nama nkuru y'umutekano yabereye ku kirimba c'Umukuru w'igihugu i Gitega, yo gusuzuma ibitera izo mpanuka, abo izo mpanuka zivako n'ingingo zofatwa.