MBOKA NA BISO
JF-Expert Member
- Jan 31, 2025
- 794
- 793
🔴 Imyaka ine irarumanye Diane Ndayiragije, yari umukenyezi wa Lt-Col Aaron Ndayishimiye, agandaguwe !
Imyaka ine iraheze ata matohoza akozwe.
Ku mugoroba w'uwa 23 nyakanga 2021, muri quartier Mirango ya zone Kamenge, haraturitse grenade mu rugo rwa Lieutenant-Colonel Aaron Ndayishimiye, yari commandant wa Camp Muha muri ico gihe. Iyo grenade yarakomerekeje bikomeye umukenyezi wa Aaron Ndayishimiye yitwa Diane Ndayiragije be n'umuyaya wiwe yitwa Cécile. Inyuma y'amasaha make, bose bahavuye bacikanira ku bitaro vy'abasirikare mu Kamenge. None imyaka ine iraheze ata matohoza nyezina akozwe.
🔴 Urukurikirane rw'uwa 23 nyakanga 2021 mu rugo rwa Lt-Colonel Aaron Ndayishimiye.
Imbere gato y'isaha icenda z'umurango niho umupfasoni Diane Ndayiragije yaronka iterefone y'umugabo wiwe amumenyesha ko amuringikiye imodoka imutahana imukuye aho yakorera kuri Centre de santé (CDS) Muyange yo muri komine Bubanza. Diane Ndayiragije akivyumva umutima urasimba kubera umugabo atari asanzwe amutora ku kazi, kandi yari asanzwe yikeka ko ashobora kumugirira nabi. Abo twavuganye mubo bakorana kuri iryo vuriro batubwiye ko Diane Ndayiragije yaciye asaba amahera ku kazi yo kuriha ipikipiki imukurayo, maze avayo yihuta kugira ya modoka ntimusangsyo. Inyuma niho ya modoka yashika, abasirikare barungitswe na Lieutenant-Colonel Aaron Ndayishimiye baramurondera baramubura, batangura kwinjira mu vyumba vyose vy'ibitaro barabura. Imodoka bivugwa ku yagumye imurindiriye gushika burira.
Hafi isaha icumi na zibiri z'umugoroba (18h) niho Diane Ndayiragije yashika ku rugo iwe mu Mirango. Hari utwo yari yaciyemwo. Ageze muhira asangaho umugabo. Umugabo niho yamubwira ko yipfuza ko amucumbira umutsima w'ingano. Diane asaba umukozi, yitwa Cécile, ko yomushirira amazi ku ziko. Uwo mugoroba, hari umushitsi w'umukenyezi yabagendeye, Aaron Ndayishimiye aba ariwe amuherekeza, Diane aja mu gikoni. Abana nabo baca basanga nyina mu gikoni.
Aaron Ndayishimiye avuye guherekeza wa mushitsi yashitse akankamira abana ngo nibave mu gikoni, abaza impamvu bataraja kwoga nkuko tubikura mu begereye uwo muryango. Agakobwa gakuru karabaza se : "ko watubwiye ko tuzohora twoga imbere yo gufungura, none harageze gufungura ?" Ka kana kaca karaja mu bwogero (douche), uduhungu tubiri dutoya tuja mu nzu. Ako kanya Aaron Ndayishimiye nawe ava aho mu gikoni atera aja ahari icumba ciwe. Bivugwa ko kuva aho mu gikoni uja ku cumba ciwe yaca ahantu hari aga "corridor". Akihavuye, niho grenade yaca iturika, ikomeretsa Cécile mu maso, Diane nawe mu mugongo.
Abakomeretse bajanywe ku bitaro vy'abasirikare mu Kamenge. Ari naho bacikaniye. Abegereye umuryango bavuga ko, imbere yo gucikana, Diane Ndayiragije yahamagaye incuro zine umugabo, amubwira ati : Aaron ivyo unkoreye Imana izobikwishure".
🔴 Umubano wa Aaron na Diane wari wifashe nabi
Abegereye umuryango wa Aaron Ndayishimiye bavuga ko hari haciye igihe umugabo abwiye umugore wiwe ko ata mwaka azomara. Ariko vyari bigoye kwibaza ko yabivuga koko ategura kubikora kubera butari ubwa mbere bishika. Muri 2016, umwe mu baryango ba Aaroni yari yaramenyesheje ko uwo mugabo ategura kugandagura umukenyezi wiwe. Ariko vyarahavuye biracureha, Aaroni aranasaba imbabazi mu muryango, aravuga ko yari amajambo y'ishavu gusa.
Imisi ibiri imbere yo kugandagurwa, Diane Ndayiragije yiriwe kw'isengero aho yasengera (Église Adventiste), agenda ata telefone atwaye, yiha gusenga umusi wose. Bamwe mu bamwegereye yari yababwiye ko yumva adafise amahoro yipfuza kwiyegereza Imana akanasengera urugo rwiwe.
Abamuzi bavuga ko Diane Ndayiragije yari umukenyezi aciye bugufi cane kandi w'umusenzi. Yari afise amakuru menshi y'amabi umugabo atumwa gukora. Akanya kose yama ariko arasengera umugabo ngo ave mu bwicanyi yama ariko aravugwamwo. Aaron we yoba yarababazwa n'ayo masengesho y'umukenyezi wiwe. Umugore yoba yaragerageje guhanura incuro nyinshi umugabo wiwe ngo ave mu bwicanyi, umugabo nawe bikamutera kurakara rwose. Boba bari bafise n'ibindi bapfa biva ku nyifato zitabereye z'umugabo.
🔴 Amatohoza ku rupfu rwa Diane Ndayiragije
Diane Ndayiragije acitaba Imana, igipolisi caratanguye amatohoza. Mu mwanya wa mbere harahagaritswe ababanyi baba inyuma ya Aaron Ndayishimiye. Ariko igipolisi kigarutse kubiraba neza bukeye casanze bitashoboka ko grenade iterwa ivuye inyuma hanyuma ngo igwe imbere y'igikoni nkuko vyagenze. Ababanyi baciye barekurwa.
Ahandi grenade yashobora kuva hari ku ruhande rw'imbere y'inzu. Aho naho hari kure y'igikoni kandi haguma igifyo c'abasirikare bacunga Aaron Ndayishimiye. Aho hantu igipolisi casanze bitashoboka na gatoya ko hari umuntu yohaterera grenade abahacunze ntibamubone. Igipolisi carasavye ko abasirikare bose bari ngaho bahagarikwa, ariko Aaron Ndayishimiye yaravyanse.
Ahasigaye grenade yashobora kuzanana ni muri ya corridor ijana mu cumba kwa Aaron Ndayishimiye. Aho naho uwariyo yari umwe rudende : Lieutenant-Colonel Aaron Ndayishimiye ... Hari umusirikare yakunda kuba ari mu rugo, uwo nawe, imbere y'uko grenade iterwa, Aaron Ndayishimiye yabanje kumutuma ivyo aja kugura. Umuntu we nyene yari aho grenade iboneka ko yazananye ni Aaron Ndayishimiye. Kugeza ubu ntarigera abibazwa.
Igipolisi nta n'umwe cabaye kigikurikirana. Imyaka ine iraheze ata n'umwe ahaniwe igandagurwa rya Diane Ndayiragije na Cécile. Nta n'uwukurikiranwa ariho.
🔴 Aaron Ndayishimiye avugwa mu mabi menshi cane
Ntawoshobora kudonda amabi Lieutenant-Colonel Aaron Ndayishimiye amaze kuvugwamwo, canecane mu gihe yari arongoye Bataillon ya 212 yakorera mu Rukoko. Mu kiringo ciwe haravugwa ihohoterwa rikomeye ry'abanyagihugu, abakenyezi bahagarikwa bagakubitwa biteye isoni, igandagurwa ry'abantu, ihohoterwa ry'abanywanyi ba CNL. Uwibukwa cane ni Élie Ngomirakiza, umukuru w'umugambwe CNL muri komine Mutimbuzi, yahagaritswe n'abasirikare bari mu modoka ya Aaron Ndayishimiye, ku wa 9 mukakaro 2021, kw'ibarabara rya Bujumbura - Gatumba. Kuva ubwo nta gakuru ka Eliya Ngomirakiza. Aaron Ndayishimiye aho gukurikiranwa yahawe kurongora ikambi ikomeye kurusha, iyo benshi bita Camp Muha. Mu nyuma yararungitswe kigwqna muri Nord-Kivu, akurwayo igisoda kibonye ko ashobora gufatwa na M23 kubera kutubaha amategeko y'abamutwara. Yagize umwete udasanzwe ngo aronse akaryo keza ko kwica abatutsi, yamara agasa n'uwiyahura mu kuja kugwana iyo batamutumye. Colonel Pontien Hakizimana batazira Mingi yatwara ingabo muri Nord-Kivu niwe yasavye ko bamukurako iyi ntwazangabo yabonq idashoboka.
Igitangaza benshi ni ingene Lieutenant-colonel Aaron Ndayishimiye yahoze arwana muri Palipehutu-FNL ariko akarangwa no gutoteza bidasanzwe abo bahoranye ku rugamba ubu bari muri CNL.
🔴 Umunyamahoro yarishwe !
Diane Ndayiragije yari yavutse mu 1985 ku mutumba wa Nini muri komine Gashikanwa mu ntara ya Ngozi. Yari yize amashure y'ubuvuzi. Yubakanye n'umusirikare Aaron Ndayishimiye, bavyarana abana bane, ariko mukuru yari yaritavye Imana. Abamwegereye bavuga ko Diane yagandaguwe yibungenze inda y'ukwezi kumwe. Yishwe inyuma y'imyaka 11 yubakanye na Lieutenant-Colonel Aaron Ndayishimiye. Abamuzi bose bavuga ko yari umukenyezi w'intungane, atuje rwose, yubaha Imana kandi yubaha cane umugabo wiwe.
Aaroni yoba yarubahutse kwipfakaza ? Uwusesa amaraso ntawe agera umutwe, ariko nta vyemezo dufise ko ariwe yiyiciye umugore naho inyifato ziwe zo ku wa 23 Nyakanga 2021 zituma umuntu yibaza vyinshi. Amatohoza arakenewe rwose hano hantu. Ku musi wo gushingura umukenyezi wiwe, Lieutenant-Colonel yarangije ijambo ryiwe avuga ati : "uze wihanganire inyobi iguca hejuru, ariko ntuze wihanganire iyikwarika ku mutwe !" Abari ngaho bose baracibaza ico yashatse kuvuga.
Imana ihe uburuhukiro bwiza uyu muvyeyi.