Burundi mutubwire. Ibi ni byo koko? GENERAL NZABAMPEMA MWITANGAZO RYO GUFATA IGIHUGU AKAKANYA

Burundi mutubwire. Ibi ni byo koko? GENERAL NZABAMPEMA MWITANGAZO RYO GUFATA IGIHUGU AKAKANYA

MBOKA NA BISO

JF-Expert Member
Joined
Jan 31, 2025
Posts
794
Reaction score
793
Repubulika y'UBurundi
F.N.L ubugabo burihabwa
Biraba:itangazo
Bija:ku barundi bose
Biva:E.M.G/ F.N.L

Banamarimwe b'umugambwe F.N.L
Ndongozi z'umugambwe F.N.L
Bakenyezi mukenyereye urugamba
Rwaruka mparanira gihugu rwa F.N.L
Nshirwarimenetse za F.N.L
Ncuti z'umugambwe F.N.L

Nidusangwe F.N.L umuhuza w'abacinyizwa bose m'UBURUNDI.

Mwitangazo twaheruka gusohora,twaravuze kubijanye nubutunzi bw'Uburundi ingene ubukene buzura inzara, aho twavuga
kubijanye n'igisata co gutwara abantu n'ibintu aho kwiyunguruza bisigaye ari nk'umuzi w'ibuye kubera ibura ry'igitoro.

Kubijanye n'ubutunzi nyene amasoko yirirwa arasha k'uburyo abayadandarizamwo bahagaritse imitima kubw'amadeni bafashe mumabanki ingene bazoyariha.
Abadandaza batarashikirwa n'iturirwa ry'amasoko bakoreramwo umuhangayiko ni wose biteze ko boshikirwa n'uruhombo rwashikiye bagenzi babo.ivyo biba mugihe umukuru w'igihugu yirigwa arabashinyagurira ngo n'ibiteranirize amahera bigurire amamodoka yo kuzimya umuriro kandi iryo ryari ihangiro rya leta.ivyo bigaragara ko isha ryayo masoko leta ibifisemwo uruhara.

Politique ya c.n.d.d-f.d.d igejeje igihugu n'abanyagihugu ahatemba, aho umukuru w'igihugu aherutse Kuvuga ko ataco bashoye hanze y'iguhugu ataco bazogurirayo, ivyo bigaragaza ko umukuru w'igihugu yananiwe nokurongora igihugu c'Uburundi.

Kubijanye na politique mbi ya c.n.d.d-f.d.d unomusi abana b'igihugu bahereye hanze mubihugu bitandukanye kandi bariko bahurirayo n'ibibazo bikomeye cane, nkuko muvyumva muri Tanzaniya,Afrika yepfo,Kenya n'ahandi hirya no hino.
Ikubagurwa ry'impunzi z'abarundi,usanga ubutegetsi bwa c.n.d.d-f.d.d bubifisemwo uruhara,aha twovuga nk'itotezwa ry'impunzi zahungiye Tanzaniya baburabuzwa ijoro n'umutaga.

Nk'uko Umugambwe.F.N.L wamye wiyamiriza intwaro y'umugambwe umwe mugihe igihugu kiba cemera demokarasi Ubu igihugu casubiye mu ntwaro y'umugambwe umwe c.n.d.d-f.d.d.
N'iyi nkina mico ngo n'amatora yimirije uwitwa ko bagiye guhiganwa na c.n.d.d.-f.d.d Gabriel Banzawitonde arongoye umugambwe A.P.D.R yashizweho na c.n.d.d-f.d.d kugirango bahume amaso abarundi n'amakungu ko m'Uburundi hari demokarasi mugihe imigambwe ikomeye yohiganywe na c.n.d.d-f.d.d yakumiriwe iyindi igasamburwa na leta ya c.n.d.d-f.d.d.

Kubijanye n'ubutungane amabohero y'Uburundi yari yemerewe ukwakira abapfungwa barenga 4011ariko leta iherutse kwiyemerera ko ifise abapfungwa barenga 12.000.

Abarangije ibihano vyabo n'abarekuwe kuk'igongwe c'Umukuru w'igihugu ntibarekurwa, ivyo bikorwa gurtyo kugirango bahume amaso abarundi n'amakungu ko hari ubutungane kandi atabuhari.

Twomenyesha abarundi ko ubutungane m'Uburundi buzingamitswe n'umugambwe c.n.d.d-f.d.d,atamanza zicirwa hakurikijwe amategeko kuko ubutegetsi buzivangamwo.

Kubijanye n'igisirikare c'Uburundi ntikikiri igisirikare c'Igihugu gisigaye ari igisiirikare c'Umugambwe c.n.d.d-f.d.d Aho gisigaye kirungika n'imbonerakure mugihugu ca Kongo kurwana kandi atamategeko yagisirikare zizi!
Mbega leta ya c.n.d.d-f.d.d iriteguye kuzobazwa amabi akorwa nizombonerakure zitazi amategeko yagisirikare?

Bigatuma abasirikare bamwe banka amategeko bahabwa kuko babarutisha imbonerakure.

Igisiirikare ca F.N.L kirakebura bamwe mubavuga ko bagwanya leta y'Uburundi kumajambo yogurtyoza indongozi za gisirikare ca F.N.L bavuga ngo uwurongoye igisirikare ca F.N.L yapfiriye mubitero vyakozwe n'igisirikare c'Uburundi bakongera bakivuguruza ngo F.N.L ikorana na leta y'Uburundi.
Hanyuma ngo F.N.L ntabagwanyi ifise!umuntu yokwibaza igituma bashaka kumenya igitigiri c'inshirwarimenetse za F.N.L?

-Ngo turi abacangero,ngo dusigaye tudandaza tukongera tukimba amabuye yagaciro nk'uko umengo ivyokubohoza igihugu twarabivuyemwo!
Hari n'abandi bagenda banduza umugambwe F.N.L ngo ,nuwubwoko kandi babona ko bitagira ishingiro mugihe munzego zose z'umugambwe n'igisirikare harimwo amoko yose.abavuga ivyo n'abadashimishwa n'uko umugambwe n'igisirikare vya F.N.L vyitunganije canke binjiriwe n'umwansi duhanganye c.n.d.d-f.d.d n'igisirikare cawo.

Abandi ngo ntidushaka kuja hamwe n'abandi mugihe mumatangazo yose twasohoye twahamagariye abatavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburundi ko tworengera

ibidutandukanya tukaja hamwe twese mukurwanya ubutegetsi bwa c.n.d.d-f.d.d naba nabo umuntu yokwibaza ico baba bashaka gushikako.

Umugambwe n'igisirikare vya F.N.L turakebura abanamarimwe, indongozi abakenyezi bakenyereye urugamba M.F.P n'urwaruka mparaniragihugu M.J.P ko batohendwa n'inyigisho zitangwa n'abantu bamwe bamwe bavuga ko bagwanya leta y'Uburundi ko twiyunze nabo tukaja hamwe ko ari ububenshi.ivyo vyarivyiza ko abarundi twese tunyotewe amahoro twojahamwe tukagira urunani m'ukurwanya umwansi leta ya c.n.d.d-f.d.d.ariko bitegerezwa guca mukuganira hagati yabarongoye iyo mihari.

Ivyo nivyaramuka bishitse tuzobimenyesha abarundi bose.

Hari n'abandi bagenda babesha abayoboke ba F.N.L ko hari imihari yiyunze ikaba irongowe na Général Aloys NZABAMPEMA kugira ngo bigarurire imisore n'inkumi babajane mumihari yabo kandi bababesha twohanura abo bantu guhagarika iyo ngendo mbi yububenshi nkubwo.

Umugambwe F.N.L uboneteho akaryo ko kwongera guhamagarira abobose batavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburundi ko boza tukaja hamwe muntumbero yokugwanya ubutegetsi bwa leta ya c.n.d.d-f.d.d dukoresheje umuheto.

Tuboneyeho kandi guhamagarira abasirikare n'abapolisi Buburundi barenganywa kuza kwifatanya n'igisirikare ca F.N.L kugira ngo turwanye akarenganyo gakorerwa abarundi,nakare ngo"Habuka imbwa woba imva".

Mukurangiza Umugambwe n'igisirikare vya F.N.L duhamagariye abarundi bose n'abadiyasipora n'abakoresha imbuga ngurukanabumenyi bipfuza impinduka m'Uburundi kudufata mumugongo umwe wese ukwashobojwe maze dukureho ubutegetsi bwa leta y'Uburundi mu maguru mansha.

Ntankeka intsinzi niya F.N.L nabarundi bose.
 
😭😭MUDA WOWOTE VITA INAWEZA KULIPUKA BURUNDI .
Vita ya nguvu inaweza kutokea muda wowote Burundi.Kikosi cha Waasi kikiwa msituni na Silaha nzito kimetoa Tangazo kuwa muda wowote watamupindua Rais Everiste Ndayishimiye.Kikos hiki kina mtuhumu Rais kuwa Vijana wengi wamekimbia Nchi sababu ya Ugumu wa maisha .Pia wanamtuhumu rais kusababisha kuwa na ugumu wa maisha,Unaambiwa toka aingie mdarakan nchi Haina Petrol,Vyombo vya moto vimepaki.Bei ya Bia(pombe)haikamatik.Pia kikos hicho kimelaum kuwa wakimbizi wanaotoka Tanzania wakirud hawana pa kula wala kulala.Hawathaminiw hivyo wanataka wamupindue.
 
Ndemeza ko ndi civilian peee....sinarinziko habaho save the date y'intambara
 
Back
Top Bottom